
Ku basanzwe bakurikirana urubuga rwa Facebook rw’ikinyamakuru cacu Indundi magazine, Mu misi iheze twari twabamenyesheje ko urubuga rwa Youtube rw’umuririmvyi Nasibu Abdoul Juma benshi muzi nka Diamond Platnumz rwari rwibwe n’abantu bataramenyekana, ariko rukaza gusubira kandi kugaruka mu mabok y’uwo mugabo.
Uno musi mu masaha yo ku mutaga hamenyekanye ko urwo rubuga nyene rwari rwibwe rwari rwahagaritswe na Youtube ubwabo. ama Video co kimwe n’aba Subscribe bikaba vyari vyafuswe n’urwo ruganda rusanzwe rufise icicaro ku mugabane wa Amerika.
Imvo zari zatumye ruhagarikwa nkuko amakuru dukesha inzobere kuvy’urwo rubuga abimenyesha ngo n’ivyari vyacishijwe kuri urwo rubuga igihe rwibwa, aho ni nk’amakuru ajanye n’ivya amafaranga agurishirizwa ku mbuga ngurukanabumenyi.
Urwo rubuga ariko mu masaha makeya gusa, rukaba rwahavuye rusubira kandi gukora ukuri kwamya. Ivyo bikaba bishobora kuba biva kuko uwo muririmvyi asanzwe afitanye ubucuti bukomeye n’urwo rubuga ubwarwo, ariko kandi n’uko asanzwe akorana n’amashirahamwe akomakomeye cane, asanzwe ari abishikira muri urwo ruganda, ariko kandi n’uko amakosa bamwagiriza atabavuyeko, ahubwo yavuye kuri abo bari bamwivye urwo rubuga.
Iryo rikaba ritabaye irya mbere nkuko amakuru atangwa na BBC bakesha Manager wa Diamond ubwiwe abishikiriza, ahubwo rikaba ribaye irya 2 urwo rubuga rwa Nasibu rwibwa, ariko bakabasha kurugarura nkuko vyabaye uno musi.
Ivy’iyibwa ry’imbuga zitandukanye cane cane Youtube bikaba vyeze, kuko no ngaha iwacu imbuga z’abaririmvyi n’abikorera utwabo zimaze kwibwa akatari gake, naho hataramenyekana abaziba, naho benezo bemeza ko ari abarundi bene wabo baba bashaka kubatwara aho bakura umukate.
-
Remaking our first cat scratching post
- Bayley Robertson
-
703 Views • 5 months ago
-
Xiaomi Mi 11 vs OnePlus 8 Pro – SPEED TEST!
- Chenai Simon
-
329 Views • 5 months ago
-
- David Parker
-
128 Views • 5 months ago
-
Return to the Sinnoh region in Pokémon Brilliant Diamond ...
- Harry Olson
-
105 Views • 5 months ago
-
What will SpaceX do when they get to Mars?
- David Parker
-
409 Views • 5 months ago
-
This Laptop has NO Laptop Inside – What??
- Chenai Simon
-
97 Views • 5 months ago
-
Ultimate Wild Animals Collection
- Harry Olson
-
185 Views • 5 months ago
-
Testing the Curiosity Rover on Earth
- Bayley Robertson
-
200 Views • 5 months ago
-
- Chenai Simon
-
298 Views • 5 months ago
-
FLYING Leaf Blower RC airplane Mk2
- David Parker
-
75 Views • 5 months ago