
Guhera kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 19/1, Kigali yose yasubiye kandi muri Guma mu rugo, intandaro n’ibitigiri bibandanya biba vyinshi vy’abagwaye COVID-19 bibandanya kuboneka muri ico gisagara.
Ingingo yo gushira abanya Kigali bose mu mazu yafashwe kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 18/1 mu nama nshikiranganji isanzwe iba 2 mu kwezi ikaba yari irongowe na H.E Paul Kagame.
Muvyo bashitseko nuko Kigali abenegihugu baguma mu mazu, ariko ibibanza bidandaza ibiribwa, ibikomoka ku gitoro, hamwe n’abakora akazi kadashobora guhagarara bikabandanya bikora, ariko hubahirizwa kwikingira ico kiza ca COVID-19.
Abakozi badakenewe bose bakaba basabwa kuguma muhira, kuko harekuwe gukoreshwa gusa 30% y’abakozi baba basanzwe bakorera ahantu, haba mu mashirahamwe ya Leta co kimwe n’ay’abikorera. Iyo nama yanategetse ko uburyo bwo kwiyunguruza nka’ama Bus, ama Taxi, amakinga co kimwe n’ama Moto vyose bihagarika gukora.
Iyo guma mu rugo yafashe abanya Kigali ikaba ngo izomara ikiringo c’indwi 2, aho ni mu gihe ubushakashatsi buheruka kuba bwerekana ko 12% vy’ababa I Kigali bamaze gufatwa n’ico kiza, mu gihe ahandi ibice bidashika kuri 7%.
Mwomenya kandi ko Urwanda ruri mu bihugu 2 vya mbere muri Afrika vyifashe neza muri kino gihe c’iki kiza, bikaba vyabahaye ikibanza ciza, kugira bazohabwe imbere y’abandi incanco z’ico kiza. Bikavugwa ko mu kwezi kwa 3 hashobora kuzoba hamaze gukingirwa abatari bake.
-
Remaking our first cat scratching post
- Bayley Robertson
-
703 Views • 5 months ago
-
Xiaomi Mi 11 vs OnePlus 8 Pro – SPEED TEST!
- Chenai Simon
-
329 Views • 5 months ago
-
- David Parker
-
128 Views • 5 months ago
-
Return to the Sinnoh region in Pokémon Brilliant Diamond ...
- Harry Olson
-
105 Views • 5 months ago
-
What will SpaceX do when they get to Mars?
- David Parker
-
409 Views • 5 months ago
-
This Laptop has NO Laptop Inside – What??
- Chenai Simon
-
97 Views • 5 months ago
-
Ultimate Wild Animals Collection
- Harry Olson
-
185 Views • 5 months ago
-
Testing the Curiosity Rover on Earth
- Bayley Robertson
-
200 Views • 5 months ago
-
- Chenai Simon
-
298 Views • 5 months ago
-
FLYING Leaf Blower RC airplane Mk2
- David Parker
-
75 Views • 5 months ago