
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa kane igenekerezo rya 12 Nyakanga umwaka w’2019, umushikiranganji w’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije Déo Guide Rurema yamenyesheje ko mu ntumbero yogufasha abarimyi mu kwitegurira neza umwaka w’uburimyi w’agatasi w’2020, Reta y’Uburundi ibicishije ku Bushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije, irabandanya gufasha abarimyi mu kubaronsa ivyankenerwa mu burimyi ku giciro kitavuna.
Ku bijanye no kuronsa abarimyi ifumbire n’ishwagara, ibiciro bitunganijwe uku gukurikira :
- Kuri FOMI-IMBURA ariyo yasubiriye DAP, agafuko k’ibiro 25 kazogura amahera 29,000F aho koguzwe 42695F
- Kuri FOMI-TOTAHAZA ariyo yasubiriye Uree, agafuko k’ibiro 25 kazogurw 25,000F aho koguzwe 38,500F
- Kuri FOMI-BAGARA ariyo yasubiriye KCL, agafuko k’ibiro 25 kazogurwa 26500F aho koguzwe 38,800F
- Ishwagara, agafuko k’ibiro 50 kazogurwa 5000F aho koguzwe 11,500F
Umushikiranganji Rurema amenyesha kandi ko gushika ubu amatoni arenga ibihumbi 27 ku matoni ibihumbi 21 abenegihugu bamaze kurihira vansi y’ifumbire y’ikizungu ivanze n’umwavu w’ikirundi ko ariyo amaze gushikanwa mu ntara z’igihugu hamwe n’amatoni 7800 y’ishwagara, bakaba ngo bariko barakora ibishoboka vyose kugira ngo ivyo yankenerwa vyegerezwe abenegihugu ku mazone.
Uwo mushikiranganji akaba asaba abarimyi kwitabira kuriha ayasigaye (solde) kuva kw’igenekerezo rya 16 Nyakanga gushika kw’igenekerezo rya 31 Gitugutu uwu mwaka. Nayo ku barimyi batari bwarihe ingwati, umushikiranganji Rurema yabahaye ayandi mahirwe yo kuriha ariko bakayarihira rimwe muri ico kiringo nyene.
-
Remaking our first cat scratching post
- Bayley Robertson
-
703 Views • 5 months ago
-
Xiaomi Mi 11 vs OnePlus 8 Pro – SPEED TEST!
- Chenai Simon
-
329 Views • 5 months ago
-
- David Parker
-
128 Views • 5 months ago
-
Return to the Sinnoh region in Pokémon Brilliant Diamond ...
- Harry Olson
-
105 Views • 5 months ago
-
What will SpaceX do when they get to Mars?
- David Parker
-
409 Views • 5 months ago
-
This Laptop has NO Laptop Inside – What??
- Chenai Simon
-
97 Views • 5 months ago
-
Ultimate Wild Animals Collection
- Harry Olson
-
185 Views • 5 months ago
-
Testing the Curiosity Rover on Earth
- Bayley Robertson
-
200 Views • 5 months ago
-
- Chenai Simon
-
298 Views • 5 months ago
-
FLYING Leaf Blower RC airplane Mk2
- David Parker
-
75 Views • 5 months ago