Array ( [0] => homepage [1] => kirundi [2] => kirundi_Sports )

Ubuhinga bwo gutdinda ibitsindo muri Aigle Noir nibwo atanguye gukora muri America mu mugwi Athlanta United.

Kuri uyu wa kane waraye uheze igenekerezo rya 25 Mukakaro niho umugwi Athlanta United B ukina mu cicaro ca kabiri muri America wahura n’umugwi wa Charlotte Independence urwo rukino rurangira imiywi yompi inganije ibitsindo 2-2.

Kanakimana Bienvenue akaba ariwe yaraye afashije Atlanta United kunganya na Charlotte Independante .

Umugwi Charlote niwo watanguye gutsinda igitsindo mu nyuma kiragomborwa na Kanakimana Bienvenue maze arongera n’ikigira kabiri mu nyuma umugwi Charlotte urakigombora urukino ruba rurangiye ari 2-2.

Kanakimana Bienvue urwo urukino rurangiye yaciye atorwa nk’umukinyi yitwaye neza gusumba abandi muri urwo rukino ( Man of the Match)

Mu nkino zine amaze gukinira muri uwo mugwi wa Athlanta United, Kanakimana Bienvenue akaba amaze gutsinda ibitsindo bibiri .

Mukamenya y’uko uyo musatirizi wa kera wa Aigle Noir The Fighter niwe yatowe nk’umusatirizi mwiza yarushije ibitsindo abandi mw’ihiganwa rya Primus league ry’umwaka uheze wa 2018-2019 , mbere atorwa kandi nk’umukinyi mwiza yaranze iryo higanwa ry’umwaka wa 2018-2019.