Array ( [0] => homepage [1] => kirundi [2] => kirundi_Sports )

Umugwi Musanze Fc wahaye amasezerano umemenyereza w’umurundi Amars Niyongabo.

Inyuma yo kuva mu mugwi Bukavu Dawa w’ibukavu mu gihugu giharanira demokarasia ya kongo , umumenyereza Niyongabo Amars Akbar yahawe amasezeno yo kumenyereza Musanze Fc imyaka ibiri.

Uyo mumenyereza akazohora ahembwa amafaranga y’amanyarwanda angana n’umuriyoni.

Amars Akbar akaba yaramenyereje umugwi w’intamba mu rugamba amenyereza imigwi ikomakomeye ya hano iwacu nka Inter Star , Prince -Louis, hamwe na Buja City. Yaranabaye n’icegera c’umumenyereza w’umugwi nserukiragihugu wa Kenya Harambe Star igihe uyo mugwi wari ukimenyerezwa na Adel Amrouch , asubira amenyereza mu gihugu ca Djibouti mu mugwi Djibouti Telecom nayo mw’ihiganwa ry’umwaka uheze yamenyereza muri Congo mu mugwi Bukavu Dawa muri kino gihe akaba yerekeje muri Musanze Fc mu gihugu c’Urwanda .