Array ( [0] => homepage [1] => kirundi [2] => kirundi_Sports )

Umukinyi w’umusatirizi w’intamba mu rugamba Mohammed Amissi ntiyifadikanije na bagenzi we muri Congo Brazzaville .

Mugihe kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 26 Ntwarante umwaka wa 2019 , Umugwi Congo Brazzaville uzoba wakiriye Umugwi w’intamba mu rugamba wa batarenza imyaka 23 mu rukino rwo kurondera itike yo gukina igikombe ca CAN U 23 , umukinyi Muhammed Amissi akina mu mu mugwi NAC Breda wo mu cicaro cambere muri Hollande umugwi wiwe wamwankiye ko akina urwo rukino .

Untandaro yoba yatumye bamwankira ko akina urwo rukino rwo gusubiriza n’uko ngo woba umukeneye vyihuta ndetse n’uyo umukinyi Ku musi w’Imana yari amaze gufata indege imushikana mu gihugu ca Hollande .

Mohammed Amissi akaba ari umwe mu bakinyi b’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba ya batarenza imyaka 23 yagoye cane abakinyi b’inyuma b’umugwi wa Congo Brazzaville .