Array ( [0] => Burundi [1] => homepage [2] => intamba murugamba [3] => kirundi [4] => kirundi_Sports )

Umugwi nserukiragihugu w’intamba mu rugamba ubandanya witegurira neza urukino rugiye kubahuza na Gabon kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 23 Ntwarante umwaka wa 2019.

Kuri uyu wa kane mu masaha yo kumugoroba uyo mugwi w’intamba mu rugamba wariko ukorera imyimenyerezo ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore .

Abakinyi bose bameze neza nta mukinyi n’umwe yoba afise imvune canke ngo yoba akitswe n’amagara nk’uko vyabonetse mu myimenyerezo.

Intamba mu rugamba ziramutse zitsinze urwo rukino rwa Gabon canke zikanganya zizoba zikatishije itike yo gukina inkino za nyuma za CAN2019 zizobera muri Misiri mu gihugu ca Egypte.