Array ( [0] => Burundi [1] => homepage [2] => kirundi [3] => kirundi_Sports )

Umugwi nserukiragihugu w’intamba mu rugamba wananiwe kuronkera intsinzi mu gisagaca ca Bujumbura.

Hari kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 20 Ntwatante umwaka wa 2019 aho umugwi nserukiragihugu w’intamba mu rugamba wari waramutse wakira umugwi wa Congo Brazavill w’abatarenza imyaka 23 ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore mu rukino rwo kurondera itike yo gukina igikombe ca CANU20 ; urwo rukino rukaba rwarangiye imigwi yompi inganije 0-0.

Mukamenya y’uko urukino rwo gusubiriza ruzoba ku musi wa kabiri w’indwi iza igenekerezo rya 26 Ntwatante mu gihugu ca Congo Brazaville.