Scroll to Top

Sat-b ngo ntiyizere ko abakunzi biwe bazohava batora uwo ashigikiye mu matora

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 30 Apr 2020 08:24 AM /

Sat-b ngo naho ariko ashigikira uwigenga mu matora y’umukuru w’igihugu, ngo ntiyizere ko abamukunda bazohava batora uwo ariko arashigikira, ivyo n’ibiriko bishikirizwa na bamwe mu bakunzi b’umuziki wiwe babicishije ku rubuga rwiwe rwa Facebook.

Ivyo bakaba babishikirije kw’ishusho yashize ku rubuga rwiwe rwa Facebook aho yariko amenyesha ko yahiswemwo ngo abe ariwe azokwama aherekeza Past. Dieudonne Nahimana, mu bikorwa vyo kwiyamamaza muri ino misi bariko bahiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu.

Abandi bo bakaba babona ko atari vyiza kuja mu bikorwa vy’imigambwe kuko ngo ata ciza kivamwo, ariko hakabamwo abavuga ko kuba yashigikiye uwigenga ata kibazo kirimwo, ngo iyo ashigikira umwe mu migambwe ngo ariho bitari kuboneka neza.

Urundi ruhande rukaba rubona ko uwo muririmvyi ngo ata kibi yakoze, kuko bamuhamagaye ngo yicire agafaranga muri bino bihe vy’imyiyamamazo. Umwe mu bamenyeshamakuru atashatse ko tuvuga izina ryiwe we akaba abona ko muri kino gihe ari sawa kuko abaririmvyi bariko bahatorera akoyokwe. Kubwiwe ngo iyaba vyakunda imyiyamamazo ikaba kenshi nk’ama Kermesse ngo vyobaye vyiza.

Mwomenya ko iyo myiyamamazo ihaye ibiraka abaririmvyi batari bake, abamaze kumenyekana ni Cedric Bangy, Sat-b, Rally Joe na Dr Claude.

Add Comment