Scroll to Top

Breaking News | Leonard Niyomwungere yitavye Imana azize ikiza ca Corona Virus

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 12 Apr 2020 00:48 AM /

Leonard Niyomwungere asanzwe azwiko indirimbo zitari nke, zashitse ku mutima abarundi batari bake ngo yitavye Imana nkuko amakuru abandanya ava mu gihugu ca Canada iyo yarasanzwe aba muri kino abandanya abivuga.

Ayo makuru akabandanya kandi avuga ko uwo muririmvyi yoba yari yakubitiye mu gihugu ca Malawi mu bikorwa vy’akazi, ari naho yafatiwe n’iyo ngwara Covid-19 iterwa n’umugera wa Corona Virus, ikaba ariho bishoboka ko yanamuhitaniye, ubona ko muri kino gihe ibihugu bitari bike vyahagaritse ingendo z’indege.

Uwo muririmvyi akaba asize abana 2, n’indirimbo zitari nke zirimwo izo yaheruka gushira ahabona haraheze imyaka mikeya, kuko yasa nkaho yaragize igihe ari mu gacerere.

Leonard hampande y’ukuririmba umwuga yakunda cane, uwo mugabo yarasanzwe akora n’akazi k’ukuvura kandi akaba n’umugwizatunga biciye mu bikorwa bitandukanye yarasanzwe akora.

Reka Twifatanye n’umuryango wa Leonard Niyomwungere wabuze, ariko kandi n’uwo muhisi tumusabire Imana rugira vyose imwakire mu bwami bwayo.

Add Comment